Ads Top

Sobanukirwa Impamvu BUMAMURU FC iheruka gutakaza urukino yategerezwa gutsinda

BUMAMURU Niwo murwi urusha iyindi mirwi mbere wizewe na benshi ko ariwo uzotahukana igikombe ca PRIMUS LEAGUE BURUNDI 2021-2022, Iki nico abakurikiranye rurya rukino basigura ko cozokosorwa kugirango umurwi wacu Ugume uraduha agateka wama waduhaye.

 
Umurwi wambere muri Primus League
Bumamuru FC

Muruyo murwi haheruka kuzanywa abakinyi bashasha twovugako batamenyereye neza inkino zaha muburundi, kutamenyera inkino zaha muburundi ntibisigura ko umupirawo batawuzi kuko uburongozi bw'uwo murwi bwo bwaba rekirise babizeye. Rero murukino ruherutse kubera Imuyinga rwahuje BUMAMURU na OLYMPIC STAR, OLYMPIC Yatsinze ibitsindo bibiri mugice cambere aho vyabonekako BUMAMURU Yari yasatiriwe bikomeye, Rero ngo vyavuye kugutanguzwa gukinishwa abakinyi bashasha abari bahasanzwe bakabicarika. Mwarabibonye ko hamazwe kugombozwa hagashirwamwo nkumukinyi akundwa cane PETER Hahavuye haboneka igitsindo umupira uza kurangira ari 2:1.

 
Turavye uko urukino rwarangiye twovugako BUMAMURU yibutse kwifuka Imvura yaguye, Tukemezako iyo bongerako Iminota 10 intsinzi yari kuba iyumurwi wacu dukunda cane BUMAMURU.
Bumamuru FC

Turavye uko urukino rwarangiye twovugako BUMAMURU yibutse kwifuka Imvura yaguye, Tukemezako iyo bongerako Iminota 10 intsinzi yari kuba iyumurwi wacu dukunda cane BUMAMURU.

Turaremesheje rero Abafanzi bose ko ivyabaye hariya twese twarabibonye muga inkino zikurikira zizitabwaho cane. muratumiwe kuza gushigikira umurwi wanyu murukino ruzobera aha kuri Stade URUNANI Kuwa 30/01/2022 Bumamuru vs Les Crocos FC.

Murakoze!

6 commentaires:

  1. Jewe mbanje gushima kuriyinkuru muvyukuri umumenyereza wa Bumamuru niweyatumye dutsindwa ntiyarikwicarika musoda ngwzkinishe kamwanga oyanamba iconsaba mutombora akwiye impanuro

    RépondreSupprimer
    Réponses
    1. Asanzwe yumva impanuro. Izereko ubu bigiye kumera neza.

      Supprimer
    2. Murakoze cane kubamwongeyekuturemesha intsinzi turayiteze ahobukera

      Supprimer
  2. Ivyabaye twaravyakiriye muga na Staff y'umurwi ndibaza ayo makosa irayabona kandi nivyukuri abakinyi ntibaramenyerana ariko il faut yuko la majorité hatangura abakinyi twari dufise muri phase aller kuko Bose baricahari usivye nkingwara zituma bamwe bamwe bataboneka Ubu rero guhera uyumusi biraza kugenda neza no mumisi izokurikira

    RépondreSupprimer
  3. Murakoze caane kuduha icizero ko umugwi wacu ugiye gusubira kuzuratsinda nkomuri phase aller.Kuko uravye kuva retour itanguye tumaz gutsindwa 2match! muhige muri phase aller yose twatakaje 1match.Staff igerageze irabe igerageze ntituzosubira gutakaza urukino narumwe kuko turasugerejwe,umwanya n'umwanya turava muri 1st place.
    NIHARAMBE BUMAMURU

    RépondreSupprimer

Fourni par Blogger.