Poutine yatangaje ibintu bikomeye Kuvaho Russie bayikuriye muri coupe du monde 2022
Nkuko FIFA yabimenyesheje, Uburusiya bwakuwe munkino z'isi yose za 2022 ngo kubera ibitera ico gihugu kiriko giteza muri Ukraine, Vladimir Poutine yagize ico abivuzeko.
| Poutine |
Uko ibintu vyifashe muri Ukraine
Kuruyu wa 1/03/2022, harabinetse Imodoka zintambara zuburusiya zitonze umurongo zuzuye ibarabara ibirometero mirongo itandatu na bitanu 65Km. Zariko zerekeza kumurwa mukuri Kiev wa Ukraine. Nikuvugako ibitero vya Russie bigikomeje cane.
Naho biruko armes Ukrainiens zo zikomeza kwigwanira. Hongeye kuboneka ama foto aho abene gihugu bo muri Ukraine bariko baniganya ingabo zuburusiya, bazugarije ngo ntizinjire kumurwa mukuri. Abo banyagihugu babikora bamanutse amaboko, abenshi babifashe nko kwiheba.
Uwuvugira ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'igihugu cubushinwa yatangaje ko hagize ikindi gihugu civanga muriyo Ndwano, bwerekeje kuri Otan na Etat Unis ngo n'ubushinwa buzoca bufasha Russie, aho nimugihe Kim J. Président wa Corée du Nord nawe yamaze gutangaza iryo tangazo.
Boris Johnson Ministre wambere w'ubwongereza yavuze ashavuye ko ivyo Russie iriko ikorera Ukraine atari vyiza, muga ntiyavuze ico igihugu ciwe kigiye gufasha aba Ukrainien
Menyako missiles russes zimaze gusambagura inyubako nyishi zo muri Ukraine, aho twovuga nkinyubako ya Radio et Télévision. Tubibutseko iyo Radio na Télévision yo muri Ukraine yarifise antenne ihindagura amabara kumurango no mw' ijoro nkuko ubibona kuriyo foto:
| Antenne |
Rero kubwiyo Situation, ibihugu vyabonye ko atayindi nzira yo gufasha Ukraine atari gutangura gufatira ibihano Russe nkico co kubakura munkino zo guharanira igikombe cisi yose mumupira w'amaguru.
Igitangaje Poutine wewe ntavyamuteye ubwoba, yavuzeko afise ubushobozi bwo guhagarika niyo coupe du monde ntibe. Wewe uvyumva gute ? Tanga iciyumviro cawe nkumukunzi w'umupira w'amaguru muri commentaires.
















Aucun commentaire: