Ads Top

Ingingo zitanu 5 Bumamuru FC itegerezwa kutirengagiza.

Ibintu bibwigwa Abakunzi ba BUMAMURU FC

Iyo turiko tuvuga abakunzi bose, tuba tuvuga uwo wese yogura ico aterereye, abakinyi, abamenereza, abarongozi bumurwi, aba fans,..

Zirikana ko twimirije urukino urukino ruzohuza Kayanza United Vs Bumamuru FC kuwa 05/03/2022 mugikombe citiriwe umukuru w'Igihugu, coupe du Président

Mumajambo yose Bumamuru bisigura amakomine yose agize intara ya CIBITOKE     BU: Buganda na Bukinanyana,     MA: Mabayi,     MU: Mugina,     RU: Rugombo.  Ukaba watangujwe wongera urakomezwa nabavuka muriyo ntara nyene. Munyuma wahavuye ukomera, gutryo uca utangura gukundwa n'abo muntara zose.
kayanza United

BUMAMURU FC n'umurwi ki ?

Mumajambo yose Bumamuru bisigura amakomine yose agize intara ya CIBITOKE 

  BU: Buganda na Bukinanyana, 

  MA: Mabayi, 

  MU: Mugina, 

  RU: Rugombo.

Ukaba watangujwe wongera urakomezwa nabavuka muriyo ntara nyene. Munyuma wahavuye ukomera, gutryo uca utangura gukundwa n'abo muntara zose.

Ingingo zitanu zashikirijwe n'umuhinga

Umuhinga kandi akongera akaba numukunzi katwa wa Bumamuru FC yagize ati :

1. ABAKINYI BAKWIYE GUFATWA KUMWE!

Twarumvise ko hariho bamwe bibana muma Hotel abandi mumazu bapangiwe, abandi nabo kuri stade!!

Ikibazo suko baryama nabi canke ibindi ariko aha BICA BIGORANA KUGERA INYIFATO Y ABAKINYI. Kugira vyorohe gukurikirana abakinyi surtout muriyimisi bitamez neza kandi munkino zanyuma hakenewe ko ABAKINYI BABA HAMWE, NIMBA ARI MURI HOTEL, MUNZU BAPANGIWE CANKE KURI STADE Ariko babane!

Bimunze nahindurirwe bave Buganda basanzwe bamenyereye ubu, bimurwe bajanwe ahandi kuburyo babura ibibasamaza vyibonekezwa muriyi misi

2. Harakenewe ko abakinyi bafashwa kuvyerekeye amagara yabo.

Haronderwe Maison ya Gym n abahinga babizi neza bafasha abakinyi bacu muri musculation na massage!! Bifasha abakinyi kutakongatara no kugira imvune nyinshi mukibuga.

3. Avant et Apres Match abakinyi barakeneye kuyaga n' abarongozi

I mean STAFF kuvyerekeye match kanaka baba bafise. Kuko chaque match compte! Avant match: Nibatsinda baronka iki? Kubera iki bakeneye gutsinda? Abakinyi bo bipfuza iki kuriyi match? Abakinyis boterera iki? Abo muri Staff baterera iki?

Conclusion : Motivation yiyi match igiye kuba!

Apres match: ninka Evaluation, uwakinye neza ashimirwe, ahawe iki? Ni ibiki vyo gukosora? Abakinyi bavuze iki? STAFF nayo itanze iki?

4. Tuje muri coté ya Fanatisme:

Mbega abakinyi moral yacu urafise ico ibafasha, YEEES! Igihe cose iyo wama ufise uwugushigikira ukorana inguvu! Aba fans ba BUMAMURU bakwiye kumenya ko bidakwiye guhagarara gutamba, kuvuza ingoma, kuririmba ngo nuko equipe iri mubihe bibi haba imbere y urukino canke inyuma y urukino!

Ariko tugaruke kandi, mbega STAFF irafata umwanya wo kuyaga na barya ba fans tubona baboneka (I mean baguma batera indirimbo, baguma batamba, baguma bavuza ingoma)? Mukumenya bobo babuze iki? Kuriyi match bokwifata gute? Ni ibiki bibujijwe? Ni ibiki bokora birekuriwe n' amategeko? Mbega akarusho kuri bo ni agaki ko imvura iguye bahaguma? Ko hari izuba baguma mukibanza cabo n inguvu zabo?

Mbega aba fans naboo barategura? Barazinanye? Baravugana hagati yabo? Uko bakora ibintu biryoshe niko n abandi bantu baryoherwa, niko n abakinyi baryoherwa
Igitsindo kibonetse twokora gute? Kitabonetse twokora gute??
ICIYUMVIRO: HABONEKE UTU DRAPO DUTODUTO TW'AMABARA ABIRI (Vert na Blanc) Kugira ngo barya bantu bidakunda bobo ko batamba, baririmba ariko bakunda umurwi binjiye aho BUMAMURU iriko irakina hahungabana ibendera rya BUMAMURU kuva urukino rutangura kugeza ruheze.

Ariko ndabaza kandi, mwabantu mukunda BUMAMURU, burya murabuze n amaboko kuburyo n amashi igihe umukinyi agize ikintu kikakuryohera womukomera amashi? URYA MUKINYI ARAKENEYE INTEGE ZIVUYE IWAWE. HINDURA!

5. COUVERTURE MEDIA KURI BUMAMURU IRAKENEWE CANE

STAFF STAFF STAFF! Iki ni igikorwa canyu kandi gose. Mwoba muzi ko kugeza uyu mwanya kugira ngo BUMAMURU ibe ifise aba fana benshi ama radio arimwo? Mbega iyo hataba CDN,Ijwi ry Urwaruka,RJT n izindi iyo zitaza ziravuga ibikorwa vyanyu n'ama match bakayagira Live mwari kuba mufise abakunzi ba BUMAMURU nkabo dufise uyu mwanya?

None ni ryari mubaha ibiganiro? Muratereze amaso kuzindi equipe nka BUMAMURU zoba zarakinye Confederation CAF nkuyo murwi uko bakoresha ama Media? Kora ama conference de Presse muyagishe abantu biciye kuma radio, biciye mubiganiro muha aba journalistes... Nkubu mbega ntibakeneye guhumurizwa abakunzi b'umurwi wacu? Murafise ivyo mwababwiye? Ukutavuga kandi mufise aho mwovugira birwiza amajambo, ayo nayo agateranya hagati yacu abakunzi ndetse n' abakinyi na STAFF ubwanyu.

Ivyiyongereyeko

  • Equipe ikomeye nka BUMAMURU ata n' ifoto abakinyi baronka muriki gihe? Ata mu photographes ifise?
  • Harakenewe ko abakunzi bamenya ivya cane umurwi wabo! Mbega entrainema uno musi yarimeze gute? Mbega kurya PSG itsinze tubona abantu bose bashirako ama photos ya MBAPPE, Mbega ntivyoturyohera natwe twashizeko KANIANGA yatsinze igitsindo MESSAGER NGOZI?
  • Ntivyoryoha twese muma telephone yacu dufisemwo ifoto ya SHASSIRI? Ivyo si ibintu bito ariko yamara, BIRWIZA ABAKUNZI B UMURWI NO KUWUKUNDA CANE Haboneke abafata amashusho b umurwi haba muri entrainema canke muri match hagati! Murabe ko muri Primus Ligue Atletico New Oil Academy tutayenurira. 

 Urashobora kutwandikira kuri :
E-mail : Kanda ngaha.

MURAKOZE CANE!!

Aucun commentaire:

Fourni par Blogger.