Ibintu bikomeye vyaranze indwi ya 22 ya Primus Ligue.
Umurwi Ufise amahirwe yo gutahukana igikombe uguma ari wawundi, Bumamuru FC.
Ariko bisa nibiteye urujijo, Imirwi mikuru ihabwa amahirwe yo gutahukana igikombe iriko ikorana umwete udasanzwe. Yamara hariyindi nayo irimusi yiteguriye gukoroka.
| Bumamuru |
Imirwi ine irimbere:
- Bumamuru FC
- Atletico New oil Academy
- Top Junior
- Flambeau du Centre
Iriko ikora cane kugira iharanire gutahukana agashimwe mugihe iyindi mirwi ine irimusi iriko irakora cane kugira ntitibuke.
Iyo nayo irimusi ni:
- Kayanza United
- Flambeau de l'Est
- Royal FC
- Les Crocos FC
Reka twihweze ibintu vyaranze imirwi muriri yinga rya 22.
➡️ Kuwa 11/2/2022
• Flamb de L'est 1-0 Les Crocos
Rwarurukino rukaze kuko izo Team zasa nkizinganya amanyama kandi zihiganirwa kudakoroka. Les Crocos gutsindwa yongereje 5× amahirwe yo gukoroka. Munkino umunani zisigaye bategerezwa gukora cane kugira barabe ko bozamuka.
➡️ Kuwa 12/2/2022
• Rukinzo Fc 1-1 Athleti New Oil
Mwibuke ko Atletico New oil no mundwi ya 21 yari yanganije na Bumamuru FC, Abahinga muvy'Inkino batumenyesheje ko uko bo babona Championa igiye guhera neza. ngo sivyiza ko inkino zihera haramaze kuboneka iyitsinda, oya nivyiza ko inkino zihera itimu zose zibangabanganywe kugira umurwi utwara igikombe ugitware ukibereye muvyukuri.
• BUJA CITY 1-4 Olympic Star (Aha ntavyinshi dufise tuhavuga ababibonye barabibonye)
➡️ Kuwa 13/2/2022
• Messager Ngozi 0-0 Musongati (Baranganije amanyama)
• Bumamuru 0-0 Top Junior
Bumamuru yari yiteze intsinzi, muga vyarangiye nayo inganije. Vyarababaje abafana batari bake. Ariko kandi Top Junior numurwi uriko utera uduga, rero gutsinda Bumamuru Top yaba iriko yongerereza amahirwe nayo yo gutahukana igikombe. Rero kuba baranganije birumvikana ntamwana yararimwo, biratahuritse. Gusa ico twovuga kindi kuri Bumamuru nuko isigaje inkino zikomakomeye cane, Twabajije abamenyereza bayo batubwiyeko guheza Championa ukina nimirwi ikomakomeye nivyiza cane, bituma iyo uramutse utwaye igikombe ushobora kukidefanda aho woseruka hose.
• Kayanza Utd 2-0 Flamb du Centre
Kayanza yarakoze umuti birashimwa yubahwe.
• Vital'o FC 0-1 BS Dynamik
Vital'o twovugako arumurwi uzwi cane ariko uriko uvyifatamwo nabi gutsindirwa iwabo ibitsindo 4 ukongerwa ico kimwe nakanduro kibara. Turaza kubereka muri Classement ukuntu yatibutse birenze.
• Aigle Noir 2-0 Royal FC
Naho mumisi iheze Aigle Noir vyasa nkaho yazimye, ubu ivyukiranye.
🔴 Classement gushitsa mundwi ya 22:
1. 👑BUMAMURU : 45 pt Umurwi uri kwisonga.
-----------------------------------------------------
2. Athletico New Oil : 39 pts
3. Top Junior: 35 pts
4. Flambeau Du Centre : 34 pts
---------------------------------------------------
5. Aigle noir : 33 pts
6. B.S Dynamik: 33 pts
7. Messager Ngozi : 32 pts
8. Musongati : 32 pts
9. Vital'o : 32 pts
10. Olympic Star: 31 pts
11. Rukinzo Fc : 27 pts
12. BUJA CITY: 27 pts
13. Kayanza utd : 22 pts
---------------------------------------------------
14. Flambeau De L'est : 22 pts
15. Royal Fc : 14 pts
16. Les Crocos: 12 pts
.
Reka turindire iyo bizoherera, Gusa twishure kuribi bibazo.
Umugwi ukunda wigenje gute?
Uri Mu kibanza ca kangahe?
Hasigaye inkino 8 gusa kugira Ihiganwa rirangire, Mubona bizorangira gute? Ubona umurwi wawe uzogitwara? Bumamuru ko umengo iriko iragenda ibaca murihumye, iguma hejuru,Umuriro uzokwaka reka tuzobireba.
















Aucun commentaire: